Uko wahagera

Kenya: Perezida Kenyatta Yakomewe Akaruru


Abashingamateka mu gihugu ca Kenya babujije Perezida Uhuru Kenyatta, mu kiringo gitoyi kubandanya ijAmbo ku kugene igihugu cifashe, igihe batangura gukoma akaruru uno musi ku wa kane.

Ako karuru katanguye igihe Perezida Kenyatta yari atanguye kuvuga, bituma ahagarika mu kiringo gitoyi ijambo ryiwe, mu gihe yasaba umukuru w’inama nshingamateka, Justin Muturi gusubiza ibintu mu buryo.

Ako karuru kabandanije mu kiringo c’iminuta itatu gushika Muturi ategetse abajejwe umutekano gukuraho abashingamateka bariko bavuza urwamo. Basohowe mu nyubakwa y’inama nshingamateka.

Muturi yasiguriye abashingamateka ko guhagarika abashikiriza amajambo biciye kubiri n’amategeko agenga abashingamateka.

Yamara gatoyi inyuma yuko arangije kuvuga, akaruru kabandanije. Abajejwe umutekano bashoboye kumenya abariko abavuze ako karuru, barabakura mu nyubakwa y’inama nshingamateka.

Perezida Kenyatta yasubiye gutangura ijambo ryiwe, yamara yategerejwe guhagarika kubera abandi bashingamateka bavugije akandi kauru gatoyi inyuma yaho. Umukuru w’inama nshingamateka, Justin Muturi yashavuriye abo bashingamateka ku nyifato yabo, ategeka ko bakurwa mu nyubakwa y’inama nshingamateka, asaba prezida Kenyatta kubandanya avuga.

Inyuma yuko ijambo ryiwe rihagaritswe mu kiringo kigera ku minuta mirongo itatu, Kenyatta yashoboye kurangiza ijambo ryiwe.

Kuva Perezida Kenyatta afashe ubutegetsi mu kwezi kwa kane mu mwaka w’2013. Reta yiwe yarageramiwe n’ivyagirizo vya ruswa n’isesagurwa ry’amafranga ya reta.

XS
SM
MD
LG