Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Perezida Zuma Yarenze ku Mategeko


Sentare nkuru yo mu gihugu ca Afurika y’epfo itangaza ko Perezida Jacob Zuma atubahirije ibwirizwa shingiro.

Ivyo iyo sentare yabitangaje igihe yashikiriza urubanza kuri dosiye ku mafranga yakoreshejwe mu kwagura n’ugukora neza inzu yiwe.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro imenyesha ko Zuma yotegerezwa kuriha ku giti ciwe amafranga azotangazwa n’ibiro bijejwe ikigega vy’igihugu ku bikorwa vyakozwe vy’ukwagura n’ugukora neza inzu ya Zuma.

Abashingamateka batavuga rumwe na reta bitwariye Perezida Zuma, bavuga ko ibikorwa vy’ukwagura n’ugukora neza inzu yiwe, reta ivuga vyakozwe mu mugambi w’ukwongereza umutekano, birimwo ikibanza abantu bogeramwo, urugo rw’inka, ikibanza baroreramwo inkoko n’ikibanza c’ukurabiramwo amasinema n’ibiteramo.

Bivurwa ko igiciro c’ivyakozwe kiri hagati y’imiliyoni cumi na zitanu n’imiliyoni mirongo ibiri z’amadolari.

Abahinga mu vyerekeye amategeko bavuga ko ingingo ya sentare nkuru y’igihugu itegeka Zuma kuriha amafranga yakoreshejwe atari intsinzi gusa ku batavuga rumwe na reta, ko kandi izokwongereza inguvu z’abashaka ko ava ku butegetsi kubera ivyaha yagirizwa.

XS
SM
MD
LG