Uko wahagera

USA: Inama ku kibazo ca Nikleyeli


Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yatanguje inama y’umutekano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda igira kane, ari nayo ya nyuma i Washington, uno musi ku wa kane.

Prezida Obama yemeye kw’amakungu akigeramiwe n’ingingo ya Koreya ya ruguru y’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda, nuko umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya ki Islamu, ushobora kugira ibitero bikoresheje ruhonyanganda.

Imbere y’iyo nama, prezida Obama yabonanye na prezida wa Koreya y’epfo, Park Geun-hype n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe mu biro cyiwe, Maison Blanche.

Baganiye ibibazo vya Koreya ya ruguru inyuma yuko ico gihugu kigerageje mu kwezi kwa mbere ikirwanihso ruhonyanganda na misile ishika kure cane mu kwezi kwa kabiri.

Prezida Obama yatangaje ko bagize urunani mu gikorwa cabo c’ukwivuna agasomborotso ka Koreya ya ruguru.

Koreya ya ruguru yari kandi mu bibazo prezida Obama yaganiye na prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vy’ibihangange vyo kw’isi bibona ko kwubahiriza umutekano mu bibanza birimwo ibirwanihso n’ubuhinga bwa nucleaire ari igikorwa cihutirwa.

Ivyo inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye kw’italiki 22 z’ukwezi kwa gatatu mu gisagara ca Bruxelles.

XS
SM
MD
LG