Uko wahagera

Amerika Izongereza Abasirikare Mu Bulayi


Leta zunze ubumwe z’Amerika kimenyesha ko gitegekanya kwongereza abasirikare baco mu buseruko bw’Ubulayi kugira bahagarike agasomborotso gaterwa n’Uburusiya.

Ivyo vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwivuna abansi kuwa gatatu.

Amerika imenyesha ko igiye kurungika abasirikare n’ibirwanisho bikomeye kandi ko igiye guha ibikoresho vy’intambara abasirikare b’ibihugu rutura vyagiye hamwe kurwaniriza hamwe umwansi mu ntumbero yo kuremesha ibihugu biri ku mbibe z’igice c’ubuseruko biterwa ubwoba n’Uburusiya.

Ivyo Amerika ibivuze inyuma yaho mu mwaka uheze yari yatangaje ko igiye kwongereza abasirikare bayo mubice bitandukanye kandi ko ari ubutumwa ishikirije Uburusiya ko agasotoro kayo kubihugu vya Burayi bifatanije itazovyihanganira.

Amerika ifise abasirikare bashika ibihumbi 60 bamaho k’umugabane wa Bulayi. Ibihumbi 25 mur’abo bafise ibirwanisho.

XS
SM
MD
LG