Uko wahagera

Nijeriya: Boko Haram Nta Nguvu Igifise


Abasirikare ba Nijeriya
Abasirikare ba Nijeriya

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’igihugu ca Nijeriya, Jenerali Dan Ali kuwa gatatu yatangaje kw’igisirikare ku ntwaro ya Perezida Muhammadu Buhari cagize intambwe zikomeye cane mu rugamba rw’ukurwanya umurwi Boko Haram.

Jenerali Dan Ali yari yarafashe akaruhuko ko muzabukuru, yatangaje uno musi ku wa gatatu kw’igisirikare casubiye gufata igice kinini c’ubutaka bwigeze kuba bwigaruriwe n’umurwi w’iterabwoba, Boko Haram.

Avuga ko mu kiringo c’umwaka umwe kuva Perezida Buhari ashitse ku butegetsi yahinduye ibintu.

Amenyesha kw’imbere yuko Buhari ashika ku butegetsi, umurwi Boko Haram wari ufise igice cose co mu buseruko bw’igihugu.

Jenerali Dan Ali avuga kw’igisirikare gishobora gutuza abagira iteraboba mw’ishamba rya Sambisa mu kiringo c’amezi abiri canke atatu.

Ali avuga ko uburyo perezida yakoresheje mu gukorana n’akarere n’amakungu vyafashije cane mu rugamba rw’ukurwanya umurwi Boko Haram.

General Ali avuga kw’igisirikare ca Nijeriya cagerageje gotora abigeme banyurujwe n’umurwi Boko Haram mu mwaka w’2014, ko yamara bisa nuko uwo murwi wabashwiragije mu bice bitandukanye.

XS
SM
MD
LG