Uko wahagera

Ubufransa Bugiye Gukura Inteko Zabwo Muri Santrafrika


Igihugu c’Ubufransa kizohagarika ibikorwa vyaco vya gisirikare mu gihugu ca Centrafrique mu mpera z’uyu mwaka.

Ivyo vyatangajwe inyuma yuko umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi, Jean-Yves Le Drian avuze kw’imigambi yabo yashitsweko.

Ibikorwa vya gisirikare vy’Ubufransa, vyatanguye mu mwaka w’i 2013, igihe Centrafrique yari isinzikajwe bikomeye n’ubwicanyi hagati y’Abakristu n’aba Islamu aho abanyagihugu bariko bapfa ku bwinshi.

Jean-Yves Le Drian avuga ko mu kiringo c’imyaka ibiri inteko z’Ubufransa zagarukanye umutekano.

Le Drian ntiyamenyesheje neza igihe muri iyi mwaka Ubufransa buzokura inteko zabwo zose muri Centrafrique, yamara bwaragabanije bikomeye igitigiri c’inteko ziri muri ico gihugu.

Ubufransa bwari bufise hafi y’inteko ibihumbi bibiri n’amajana atanu muri Centrafrique, yamara ico gitigiri muri iki gihe kiri hafi y’amajana icenda.

Abasirikare bagera ku majana atatu bazoguma mu gihugu aho bazoba bari mu runani rw’inteko ibihumbi cumi na bibiri z’ishirahamwe ONU n’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

XS
SM
MD
LG