Uko wahagera

Myanmar: Perezida Mushasha Yarahiye


Prezida mushasha wa Myanmarni Htin Kyaw
Prezida mushasha wa Myanmarni Htin Kyaw

Igihugu ca Myanmar carahije umukuru w’igihugu wa mbere w’umusivile mu kiringo kirenga imyaka mirongo itanu.

Htin Kyaw afise imyaka mirongo irindwi yarahiye ku wa gatatu mu birori vyamaze umwanya mutoyi imbere y’amashami abiri y’inama nshingamateka.

Yemeye gukorera igihugu. Ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu bishasha, Myint Swe na Henry Van Tio barahiye hamwe na Htin Kyaw. Ukurahira kwa Htin Kyaw birangije icese intwaro ya gisirikare muri Myanmar yari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 1962.

Asubiriye Thein Sein, yahoze ari umujenerali yafashe ubutegetsi mu mwaka w’i 2011 igihe Reta y’igisirikare yashikiriza ubutegetsi reta igizwe ahanini n’igisivile, afata ingingo zikomeye zitunganya gushasha inzego za politike n’ubutunzi.

Naho ari uko igisirikare kiracafise uruhara rukomeye cane mu gihugu no mu butunzi bw’igihugu.

Mw’ijambo ryiwe inyuma yuko arahiye, Perezida Htin Kyaw yiyemeje ku vyerekeye guhindura ibwirizwa shingiro rihari muri iki gihe, kugira ryubahirize demokrasi.

Ibwirizwa shingiro ryatunganijwe n’igisirikare imbere yuko gishikiriza ubutegetsi ritegekanya ko igisirikare kigira ibice 25 kw’ijana vy’ibibanza vyose mu nama nshingamateka, n’ibibanza bikomeye vy’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati n’ukwivuna abansi.

XS
SM
MD
LG