Uko wahagera

Abapolisi b’Ubugiriki baratanye mu mitwe n’impunzi ziharurwa mu majana, nyinshi muri zo zahunze intambara muri Siriya.

Izo mpunzi zimaze igihe zarabujijwe kwinjira mu gihugu ca Masedoniya.

Izindi ziharurwa mu bihumbi zicumbitse mu nkambi iri hafi y’igisagara ca Idomeni, mu bugiriki hafi y’urubibe na Masedoniya zaranse kwitaba akamo ka leta y’Ubugiriki kazisaba kwimukira mu mahema y’agateganyo.

Iyo myigaragamvyo yabaye kuwa kabiri ibanganda yiyongera kuyindi idasiba kuba bivanye n’igikenye ibihugu vy’Ubulayi biriko birakoresha mu kuzibira impunzi ziva mu buseruko bwo hagati no muri Aziya yo mu bumanuko kwinjira kur’uyo mugabane.

XS
SM
MD
LG