Uko wahagera

Igitigiri c'Abapfuye mu Bitero vy'i Bruxelles ni 32


Ububiligi kw'ikarata
Ububiligi kw'ikarata

Abategetsi b’igihugu c’Ububiligi bavuze ejo ku musi wa kabiri kw’igitigiri c’abantu bishwe mu bitero vyabaye mu ndwi iheze ku kibuga c’indege n’ikibanza ca metro mu gisagara ca Bruxelles, ari mirongo itatu na babiri, umuntu akuyemwo abiyahuzi batatu bagize ivyo bitero.

Abategetsi bari bamenyesheje imbere yaho kw’igitigiri c’abapfuye ari mirongo itatu na batanu. Ikosa ryari ryabaye mu guharura incuro zibiri, abantu batatu bari bafise ubwenegihugu bw’ibihugu bibiri.

Abantu bose bahitanywe n’ivyo bitero vya bombe ku musi wa kabiri w’indwi iheze, baremenyekanye. Barimwo Ababiligi 17 n’abanyamahanga 15.

Ivyo bitangazwa n’umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza w’Ububiligi, Ine Van Wymersch.

Abategetsi b’Ububiligi batangaza kandi kw’abantu mirongo icenda bakiri mu bitaro, abarenga mirongo ine muribo bakaba baremvye.

Muri ico gihe, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza ko hari vyinshi bigiterezwa gukorwa ku vyerekeye kwongereza ugusangira amakuru yerekeye iperereza mu karere k’Ubulayi.

Ivyo inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu ndwi iheze mu gisagara ca Bruxelles.

Umuvugizi w’ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche, Josh Earnest, avuga kw’ibitero vyabereye ku kibuga c’indege c’i Bruxelles no mu kibanza ca metro vyibutsa igikorwa nkenerwa c’ugusangira amakuru yerekeye iperereza.

Yongeye gutangaza ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishigikiye Ububiligi mu matohoza ico gihugu kiriko kiragira.

XS
SM
MD
LG