Uko wahagera

USA: Donald Trump Aracyarusha Abo Bahiganwa


Ivyatohojwe bishasha vyerekana kw’abatora bo mu mugambwe w’Abarepublika babandanya gushigikira ari benshi cane umurwizatunga akomeye Donald Trump mu mugambi wiwe w’ukorondera kugenwa guhagararira umugambwe w’Abarepubulika mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka muri Reta zunze ubumwe z'Amerika.

Mu gihe ku ruhande rw’Abademokrate, uguhinanwa hagati ya Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika na Senateri w’intara ya Vermont, Bernie Sanders muri iki gihe kwegeraye.

Ivyatohojwe vyashikirijwe uno musi ku wa kabiri vyerekana ko Trump ashigikiwe n’ibice mirongo ine n’umunani kw’ijana mu Barepublika, imbere cane y’uwo bahiganwa, Senateri wo mu ntara ya Texas, Ted Cruz ashigikiwe n’ibice mirongo ibiri n’indwi kw’ijana, mu gihe bulamatari w’intara ya Ohio, John Kasick ashigikiwe n’ibice cumi n’umunani kw’ijana.Donald Trump

Ku ruhande rw’Abademokrate, ivyatohojwe vyerekana ko Hillary Clinton ari imbere ya Bernie Sanders n’ibice mirongo ine n’icenda kw’ijana ku bice mirongo ine na bitatu kw’ijana mu batora b’Abademokrate.

Sanders, igikorwa ciwe c’ukwiyamamaza cashimikiye ku budasa hagati y’batunzi n’abakene butera bwiyongera, yatsinze Hillary Clinton ata ngorane mu ma Reta atatu ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye, yamara aracari inyuma yiwe ku vyerekeye igitigiri c’intumwa za reta zatowe gushikiriza amajwi.

XS
SM
MD
LG