Uko wahagera

Pakistani: Abikekwa Igitero ca Bombe 2000 Bahagaritswe


Abategetsi mu gihugu ca Pakisitani bataye mu mvuto abikekwa kw’ari intagondwa z’abayisilamu baranga amajana abiri mu gikorwa gikomeye c’ugufatira ingingo zikomeye intagondwa, bifatiye ku gitero ca bombe c’umwiyahuzi cabaye ku musi w’Imana mu gisagara ca Lahore.

Ico gitero ca bombe cahitanye abantu mirongo irindwi na babiri, benshi muribo Abakristu bariko bahimbaza Pasika.

Ico gitero cihaye inkumbi cabaye mu kibanza carimwo abantu benshi ku murwa mukuru w’intara ibamwo abantu benshi cane ya Punjab.

Abana mirongo ibiri n’icenda bari mu bapfuye mu gihe abandi barenga amajana atatu bakomeretse.

Umushikiranganji ajejwe ivyerekeye amategeko mu ntara ya Punjab, Rana Sanaullah yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kabiri kw’igipolisi n’imirwi idasazwe ijejwe kurwanya iterabwoba iyobowe n’abajejwe iperereza bagize ibikorwa vy’uguhiga intagondwa mu ntara ya Punjab, aho bahagaritse abantu barenga ibihumbi bitanu.

Abajejwe itohoza mu nyuma yaho barekuye abo bantu nka bose kiretse abantu amajana abiri na cumi na batandatu bariko babandanya

XS
SM
MD
LG