Uko wahagera

Uganda: Besigye Amaze Imisi 40 Apfunzwe Icamaso


Mu gihugu ca Uganda, haheze imisi mirongo ine kuva igipolisi gipfunze icamaso Kizza Besigye ayoboye umugambwe "Forum for Democratic Change" utavuga rumwe na reta.

Besigye yiyamamarije kuba perezida mu matora yabaye kw’italiki cumi n’umunani z’ukwezi kwa kabiri.

Urwego rw’igihugu rujejwe gutegura amatora, rwatangaje kw’amatora yatsinzwe na Perezida Yoweri Museveni amaze imyaka mirongo itatu ku butegetsi. Museveni yatsinze n’ibice 60 kw'ijana mu gihe Besigye yaronse ibice mirongo itatu na bitanu kw’ijana vy’amajwi.

Yamara uwundi umwe mu bakandida batsinzwe mu matora yaritwariye ivyavuye mu matora muri sentare. Besigye avuga ko atashoboye kwitwarira ivyavuye mu matora kubera apfunzwe icamaso.

Umuvugizi w’igipolisi ca Uganda, Fred Enanga yabwiye Ijwi ry'Amerika mu ntango z’uku kwezi ko Besigye apfunzwe hisunzwe ingingo ya 24 y’amategeko y’igipolisi. Ayo mategeko aha igipolisi ububasha bw’uguhagarika uwariwe wese uruja n’uruza rwiwe ata ntambamyi bibonwa ko bishobora kugeramira umutekano w’igihugu.

Igipolisi kandi carabujije abaza kugendera Besigye imuhira iwe.

XS
SM
MD
LG