Uko wahagera

USA: Amerika Igiye Gufasha Ubulayi ku Kibazo c’Impunzi


Kerry Latin America
Kerry Latin America

Leta zunze ubumwe z’Amerika yatangaje ko igiye guha Ubulayi Imiliyoni 20 z’amadolari azofasha mu kigoro amakungu arimwo ko guhangana n’ikibazo c’impunzi.

Ibiro vya deparotema ya leta y’Amerika bimenyesha ko iyo mfashanyo azoyicisha mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe no mu gisata cita ku mbabare kw’isi Croix Rouge.

Aya mafaranga aje yiyongera ku yandi Amerika yatanze mur’uko gufasha impunzi, akaba ashitse ku miliyoni 44 z’amadolari kuva mu mwaka uheze.

Iryo tangazo rije haheze indwi umuryango w’ubumwe bwa Bulaya n’igihugu ca Turukiya bapfunditse amasezerano aho Turukiya cemeye kwakira impunzi ziva muri Siriya n’ahandi.

XS
SM
MD
LG