Uko wahagera

Ubufaransa: Abagirizwa Kunyuruza Ubwato Baracirwa Urubanza


Abanyesomaliya ndwi bagirizwa kugira uruhara mu kugomba kunyuruza ubwato bw’Abafaransa mu kigobe ca Adeni mu mwaka w’2011 kur’uyu wa kabiri niho barengutswa imbere y’intahe mu Bufaransa.

Abo bagabo bagirizwa kwica umugabo yari mur’ubwo bwato no kunyuruza umukenyezi wiwe.

Bashobora gucirirwa urubanza rwo guherayo mugihe bokwagirwa n’ivyo vyaha.
Abajejwe amatohozwa bamenyesha ko abo bantu bazwi ku mazina ya Christian na Evelyne Colombo baguye mu mutego w’abo banyesomaliya mugihe ubwato bwabo bwari buvuye ku kivuko co muri Yemeni bwerekeza muri Omani.

Abo banyesomaliya uko ari indwi bagumijwe mu bufaransa kuva mu mwaka w’2011 bagifatwa. Ukuburanishwa kwabo gushobora kumara indwi zibiri.

XS
SM
MD
LG