Uko wahagera

ONU: Umusirikare w’Umurundi Yarashurashuje Umwana


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko hari abandi basirikare babiri bo mu nteko zaryo ziri muri Republika ya Santrafirika bongeye gufatwa mu ngeso yo gushurashuza abagore kunguvu.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric, yamenyesheje kuwa mbere ko mur’abo basirikare harimwo umurundi yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka 14 hamwe n’uw’igihugu ca Maroke yagirizwa gufata kunguvu umugore.

Amenyesha ko abo basirikare babiri bashasha baca bashika ku gitigiri ca 25 bamaze kwagirizwa iyo ngeso muri Republika ya Santrafirika kuva uyu mwaka utanguye.

Dujarric amenyesha ko ibihugu vy’Uburundi na Maroke abo basirikare baturukamwo bimaze kumenyeshwa ivyo birego.

Amenyesha kandi ko igihugu cose gishobora kwigirira amatohozwa ku ruhande rwaco canke kikareka ONU ikaba ariyo iyakora.

Umunyamanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon mu misi iheze yamenyesheje ko ashobora gufata ingingo yo gusubiza inteko zose ata n’umwe avuyemwo mu gihugu zavuyemwo mu gihe abo basirikare vyogaragara ko aribo baregwa cane mur’iyo ngeso kurusha abandi.

XS
SM
MD
LG