Uko wahagera

Cuba: Fidel Castro Aracatsimbataye kuri Politike ya Kera


Fidele Castro, yahoze ari prezida wa Cuba, i buryo kw'ifoto

Fidele Castro, yahoze ari prezida wa Cuba, i buryo kw'ifoto

yarerekanye ko abandanya kudadaza ku migenderanire myiza hagati ya Cuba na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Fidel Castro afise imyaka mirongo umnani n’icenda muri gihe, yahsikirije ubutegetsi uwo bavukana Raul Castro mu mwaka w’i 2008, ntiyabonetse mu rugendo rw’isimi itatu prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yagize mu ndwi iheze muri Cuba.

Urugendo rwa mbere umuprezida wa Amerika ari mu mabanga yiwe yagize muri Cuba mu kiringo kiri hafi y’imyaka mirongo icenda.

Mu rugendo rwiwe muri Cuba, prezida Obama yatangaje irangira ry’umwuka mubi hagati ya Amerika na Cuba.

Yamara muvyo Fidel Castro yanditse mu kinayamakuru ca Reta uno musi ku wa mbere, yasubiye kwibutsa kahise ka Cuba, kuva ku ntwaro ya gikoloni y’igihugu ca Espagne n’igitero cananiwe cari gishigikiwe na Amerika cari kigenewe kumukura ku butegetsi mu mwaka w’i 1961.

Cuba na Amerika vyasubiye kwugurura ama Ambasade yavyo I Washington n’i Havana.

Naho Amerika ikibandanya kugumikzaho ibihano yafatiye Cuba mu vy’ubudandaji, prezida Obama yarorohoje imigenderanire mu vyerekeye ubutunzi hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Yamara Fidele Castro navuga ko Cuba itazoheba kahise kayo n’uburenganzira bwayo.

XS
SM
MD
LG