Uko wahagera

Pakistani Irunamiye Abahitanywe n'Igitero ca Bombe


Igihugu ca Paksitani kiriko kirunamira abantu mirongo irindwi bahitanywe n’igitero ca bombe c’umwiyahuzi w’Umutalibani ku musi w’Imana, mu gisagara ca Lahore mu buseruko bw’igihugu ca Pakistani.

Ico gitero cahiga Abakristu.

Abategetsi b’ibitero bavuga kw’abana bagera kuri mirongo itatu bari mu bapfuye.

Ico gitero cagizwe mu kibanza cari gikoraniyemwo abantu benshi , cakomerekeje abantu barenga amajana atatu.

Benshi mu bapfuye n’abakomeretse n’Abakristu bari muri ico kibanza aho bariko bahimbaza Pasika.

Umuvugizi w’igisirikare yatangaje uno musi ku wa mbere kw’inzego zijejwe umutekano zagise ibikorwa bitari bike vyatumye zihagarika abantu batari bake bikekwa kw’ari abagira iterabwoba n’aborohereza abagira itErabwoba mu bice vyo mu gisagaara ca Lahore hamwe no mu bindi bisagara bibiri vyo mu ntara ya Punjab, intara ibamwo abantu benshi cane muri Pakistani.

Umuvugizi w’ishami ryiyonkoye ku Batalibani bo muri Pakistani wiyitiriye igitero ca bombe mu gisagara ca Lahore. Avuga ko cari kigenewe Abakristu.

XS
SM
MD
LG