Uko wahagera

Cibitoke: Nta Vyimburwa Bizosubira Gushorerwa Mu Rwanda


Abarimyi bo mu makomine yo mu ntara ya Cibitoke ahana urubibe n’igihugu c’Urwanda nta burenganzira bafise bwo gushorera umwimbu mur’ico gihugu kuva kur’uyu w’imana igenekerezo rya 27 ukwezi kwa gatatu uno mwaka . Abarongoye ayo makomine bashikiriza ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo kubuza abarimyi gusesagura umwimbu.

Iyo ngingo yo kubuza abarimyi bo mu makomine ya Mabayi, Mugina na Rugombo gushorera umwimbu wabo mu gihugu kibanyi c’Urwanda yafashwe mu nama zakoreshejwe na ba musitanteri b’ayo makomine.

Bamenyesheje abo barongoye baba abarimyi canke abadandaza ku kuva kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 27 kuno kwezi kwa gatatu ata kidandazwa na kimwe kirekuriwe kujabuka urubibe Uburundi buhana n’Urwanda.

Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Rugombo Firmin Habumuemyi, imwe mu makomine yafashe iyo ngingo yabwiye Ijwi ry ‘Amerika ko yafashwe mu ntumbero yo gukingira umwimbu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:38 0:00

Abarimyi bo mu makomine ya Mabayi, Mugina na Rugombo bavuga ko baguye mu gahundwe bumvise iyo ngingo.

Abagiye kuhahombera cane n’abadandaza b’imboga nk’amatomate n’intore ubu batabona iyo bagiye gushorera umwimbu wabo na rirya amafaranga bakoresheje ari amadeni basavye.

Ariko umuhanuzi wa musitanteri wa komine Rugombo ajejwe intwaro n’imibano arahakana ko iyo ngingo itafashwe kubera ivy’imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda. Habumuremyi yemeza ko hari umwimbu w’imboga uzokononekara kubera ataburyo buhari bwo kuwushingura . Asaba abarimyi n’abadandaza bo mu Rugombo gushorera umwimbu wabo mu ntara z’Uburundi abahaba bakeneye ivyo vyimburwa.

Iyo ngingo yo kudashorera ibidandazwa mu gihugu c’Urwanda yatumye kuva kur’uno w’Imana abanyarwanda bahora baza gushorera mu Burundi batinjiza ibidandazwa vyabo nk’uko vyemezwa n’abakorera ku mupaka.

Ivyo bibaye mu gihe Uburundi n’Urwanda bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko . Ibihugu bihurikiye mur’uwo muryango binafitaniye amasezerano yo guhanahana ibidandazwa.

XS
SM
MD
LG