Uko wahagera

Burundi: Amashirahamwe Abiri Yasubiye Kwemererwa Gukora


Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Republika y'Uburundi
Valentin Bagorikunda, umushikirizamanza kizigenza wa Republika y'Uburundi

Mu Burundi, amashirahamwe abiri yari muyari yabujijwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika gukora yongera ahagarikirwa ama comptes mu ma banki yasubiye kwemererwa gukora.

Ayo mashirahamwe ni Parcem ryishinze guhamagarira Abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro kugira bashike kw’iterambere rirama hamwe na AJCB rihurikiyemwo abanyamategeko b’abakatolika b’abarundi.

Mw’ikete ryanditswe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika ku wa 25 uku kwezi, Valentin Bagorikunda amenyesha ko bitakiri ngombwa ko ayo mashirahamwe akurikiranwa n’ubutungane’ « inoportunité des poursuites » mu gifaransa.

Bagorikunda kandi yaciye yandikira amabanki n’ayandi mashirahamwe y’ukuguranana ayabwira ko ingingo y’uguhagarika ama comptes y’ayo mashirahamwe abiri itakiri mu ngiro.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM Faustin Ndikumana avuga ko iyi ngingo yayakiranye akamwemwe.

Ndikumana arashimira ubutungane bwumvirije dosiye y’ishirahamwe ryiwe akabusaba kwirinda gufata ama dosiye mu kivunga. Yibutsa kandi k’uruhara rw’amashirahamwe yigenga ari ntangere mu guharanira inyungu z’abanyagihugu. Ariko nayonyene ngo ategerezwa kwirinda gukoreshwa n’abanyepolitike.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:49 0:00

Mu kwezi kwa 11 na 12 umwaka w’i 2015, amashirahamwe yigenga 13 yari yafatiwe ingingo y’ukwankirwa gukorera ku butaka bw’Uburundi ivy’agateganyo . Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwari bwayagirije ko yafadikanije n’abateguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Perezida Pierre Nkurunziza leta yise imigumuko hamwe n’abashatse guhirika ubutegetsi.

Kurayo mashirahamwe 13, aya abiri niyo abaye aya mbere mu gusubira kwemererwa gukora.

Aya mashirahamwe yuguruye mu gihe mu kwezi guheze hasubira kwemererwa gukora ama radiyo abiri kuri atandatu yari yugawe kuva mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze aho haba gushaka guhirika ubutegetsi. Imwe murayo maradiyo ariyo radiyo Isanganiro nayone yari ifise dosiye mu butungane.

Aya mashirahamwe yuguruwe kandi inyuma yaho ubutungane bukuriye imitahe ku banyepolitike n’abakuru b’amashirahamwe yigenga 15 ku barenga 40 barondezwa imitahe mpuzamakungu .

Mu bakuweko imitahe harimwo Léonard Nyangoma , umukuru w’urunani CNARED. Uyu yavuze ko leta ishaka guhuma amaso amakungu kuko iyo mitahe yafuswe mu gihe Uburundi bwari bwimirije kugenderwa n’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon.

XS
SM
MD
LG