Uko wahagera

Ikibazo cy'Amabarabara Muri Komine Rango


Imvura y’isegenya yaguye mu mpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka yabomoye amabarabara menshi mu Burundi
Imvura y’isegenya yaguye mu mpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka yabomoye amabarabara menshi mu Burundi

Amabarabara atari make ahuza Komine Rango y’intara ya Kayanza n’izindi Komine zihana urubibe nayo ameze nabi.

Abanyagihugu bayakoresha bavugako bamererwa nabi iyo bariko bariyunguruza kuvyuma.Imigenderanire hagati ya Komine Rango n’izindi Komine nko muguhanahana ibidandazwa ntishemeye kubera hamwe hamwe ibiraro vyo ku nzuzi zigabura amakomine na Rango vyabomowe n’imvura y’isegenya yaguye mu mpera z’ukwezi kwa mbere uyu mwaka.

Abanyagihugu basaba leta kubasanurira amabarabara n’ibiraro vyabomotse kugira boroherwe mu ngendo zabo.

Musitanteri wa Komine Rango Souavis avugako hari kamitende kumabarabara atari make.Uwo mutware amenyeshako hari umwizero ko ibiraro vyabomotse bishobora gusanurwa n’abasanzwe babafasha.

XS
SM
MD
LG