Uko wahagera

Pakistani: Ikibombe Cahitanye Abarenga 50


Igitero I Lahore muri Pakistan
Igitero I Lahore muri Pakistan

Mu gihugu ca Pakistani, abantu 58 bapfuye bahitanywe n’ikibombe caturikijwe n’umwihevyi mubantu bakoraniye hamwe mu gisagara ca Lahore, kiri mu buseruko bwa Pakistani kur’uyu musi wa mungu. Abatari bake bakomeretse.

Ababonye igihe ivyo vyaba bamenyesha ko mubapfuye harimwo abagore n’abana.

Bamenyesha kandi ko imiryango y’abakristo bariko barahimbaza umusi mukuru wa Pasika bari aho hantu ico kibombe caturikiye.

XS
SM
MD
LG