Uko wahagera

Burundi: Umuntu Yiciwe ku Musaga


Uwaraye yishwe azwi kw’izina rya Nshimirimana Cyriaque. Yarashwe n’abantu bamutegereye igihe cisaha imwe n’igice ku mugoroba wo kur’uyu wa gatanu, nko ku metero 50 n’urugo rwiwe ivyemezwa n’abaryango biwe.

Mu muryango w’uwo muhisi bavuga ko barindiriye ko ataha barahebura, niko kumenya bugorovye cane ko amasasau yumvikanye ariwe yahitanye, bivugwa na nyina amuvyara.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi w’igipolisi c’Uburundi areùeza ko uwo muntu yaraye yishwe n’abitwaje ibigwanisho bicira umuriro ku mvo zitazwi. Moise Nkurunziza ashikiriza ko kw’ibarabara rya mbere ku Musaga humvikanye amasasu hagati y’isaha imwe n’igice na sa mbiri z’ijoro kur’uyu wa atanu ariko ko ata sano afitaniye n’ubwo bwicanyi. Ico gihe abajejwe umutekano bariko basubiza

abari bahejeje gutera gerenade abasirikare bariko barakizura. Icegera c’umuvugizi w’igipolisi avuga ko abasirikare babiri harimwo uwufise ipeta rya kapiteni bakomeretse , ariko ko ata kindi cononekaye.

XS
SM
MD
LG