Uko wahagera

RDC: Ubwicanyi Bukabije Mu Ntara ya Beni


Abantu bo mu ntara ya Beni bagiye kumaziko.
Abantu bo mu ntara ya Beni bagiye kumaziko.

Raporo nshasha iheruka gusohoka kuri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo imenyesha ko abasivile baharurwa mu 550 aribo bishwe n’imihari y’abarwanyi mu ntara ya Beni mu mezi 18 ashize.

Abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo begeka ubwo bwicanyi k’umuhari w’abarwanyi b’aba Islamiste barwanya reta y’Ubuganda witwa Allied Democratic Forces, canke ADF

Umuhinga mu basohoye iyo raporo Jason Stearns amenyesha ko hoba harimwo n’abandi basirikare ba reta ya Kongo boba babifisemwo uruhara.

Abategetsi ba reta ya Kongo barafashe bamwe mu basirikare b’igihugu vyagaragaye ko ataco bakoze kugira bahagarike ubwo bwicanyi bukorwa n’uwo muhari wa ADF.

Amashirahamwe agwanira agateka ka muntu muri Kongo bikeka ko hoba hari abantu benshi bafise uruhara mur’ubwo bwicanyi.

XS
SM
MD
LG