Uko wahagera

Kongo: Umujenerari Avuga ko Amatora Yibwe


Perezida Denis Sassou N'Guesso k'umusi w'amatora
Perezida Denis Sassou N'Guesso k'umusi w'amatora

Mu gihugu ca Republika ya Kongo, umusirikare wa reta afise ipete rya jenerale ahamagarira abanyagihugu kugumuka ngo banke ivyavuye mu matora yahaye intsinzi Perezida w’ico gihugu Denis Sassou Nguesso.

Ivyo Jenerali Jean-Marie Mokoko yabibwiye ijwi ry’Amerika ejo ku musi wa kane inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati atangarije ko Sasou Nguesso yatsinze ku majwi 60 kw’ijana mu matora yabaye kuwa mungu.

Jenerali Mokoko yavuze ko amajwi yatangajwe atari yo.

Gushik’ubu reta ya Republika ya Kongo ntaco irabivugako.

XS
SM
MD
LG