Uko wahagera

Burundi: Abiyemereye Ivyaha Baracidegemvya


Abapolisi b'Uburundi barerekana ibigwanisho bafashe
Abapolisi b'Uburundi barerekana ibigwanisho bafashe

Igipolisi c’Uburundi n’iperereza bimaze ukwezi kurenga vyerekana abantu biyemerera kw’ ar’ abagwanyi bishikanye.

Abo bantu bariyemerera ivyaha bitandukanye. Baremera ko bishe abantu, bakabata mu binogo rusangi. Baremera kandi n’ubwicanyi bwahitanye ababikira batatu b’Abataliyanokazi mu mwaka w’i 2014.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane, avuga kw’ ata ngorane biteye kw’ abo bantu bamara ico kiringo, batarafungwa.

Ariko umushingwamanza Fabien Segatwa, yemeza ko mu mategeko, umuntu yiyemereye icaha, na cane cane gikomeye nk’ukwica, ategerezwa guca afungwa, ayandi matohoza akabandanya, ari mu munyororo.

Ushobora kwumviriza inkuru ya Eloge Willy Kaneza, umumenyeshamakuru w' Ijwi ry'Amerika

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:39 0:00

XS
SM
MD
LG