Uko wahagera

BURUNDI: Itohoza Ku Basirikare Bagandaguwe


Lieutenant Colonel Darius Ikurakure
Lieutenant Colonel Darius Ikurakure

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arabeshuza amakuru avuga kw’abagandaguye Lieutenant Colonel Darius Ikurakure, bamaze gufatwa.

Colonel Gaspard Baratuza avuga kw’abantu baganduguye uyo musirikare ku musi wa kabiri hamwe n’abagandaguye Major Didier Muhimpundu ku musi wa kabiri mw’ijoro, igihe c’isamoya n’igice, gushika ubu batarafatwa, yamara kw’itohoza ribandanya.

Ikurakure yatangandaguriwe ku biro vy’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare n’umuntu yambaye impuzu za gisirikare, yaciye atungwa n’ayo yameze, ahejeje gukora iryo bara.

Muhimpundu nawe yagandaguriwe ku kabare yari yateramiyemwo, inyuma y’aho umuntu amuhamagariye, akamusaba ko bahurira imbere y’akabare yarimwo.

Baratuza avuga kw’abajejwe itohozwa ry’ubwo bwicanyi bariko barakora ibishobotse vyose kugira ngo ababisha bafatwe.

Mushobora kwumviriza ikiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika:

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:21 0:00

XS
SM
MD
LG