Uko wahagera

John Kerry mu Rugendo i Moscou


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry ashitse ku kibuga c'indege hafi y'i Moscou, mu Burusiya, kw'italiki 23, ukwei kwa gatatu, umwaka w'i 2016.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry ashitse ku kibuga c'indege hafi y'i Moscou, mu Burusiya, kw'italiki 23, ukwei kwa gatatu, umwaka w'i 2016.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry ari i Moscou, kuganira na prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Sergei Lavrov, ku bibazo vyo muri Ukraine na Siriya.

Vyitezwe kandi ko baganira ku bitero vy’ejo ku musi wa kabiri i Bruxelles.

Umutegetsi akomeye wo mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yabwiye abamenyeshamakuru bajanye na John Kerry ko abona ibitero vy’i Bruxelles bishobora gutandukira no mu bindi bice vyo kw’isi.

Ku vyerekeye Siriya, uwo mutegetsi avuga ko Kerry ashaka kwumva ukugene prezida Putin na Lavrov babona utwigoro two muri iki gihe tugenewe gushiraho ikiringo nfatakibanza prezida Bashar al-Assad atazogiramwo uruhara.

Uwo mutegetsi yatangaje ko aho Amerika ibandanya guhagarara hatomoye, ko ari uko prezida Assad aategerezwa kuva ku butegetsi kugira haboneke inzira ijana mu mahoro inyuma y’imyaka itanu y’iseseka ry’amaraso muri Siriya.

Niyo nama ya mbere yo ku rwego rwo hejuru hagati y’abategetsi ba Ameririka n’Uburusiya kuva Uburusiya butangaje ko bukuye zimwe mu nteko zabwo muri Siriya mu ndwi iheze.

XS
SM
MD
LG