Uko wahagera

Burundi: Majoro Yishwe Nyuma ya Koloneli Mu Masaha 24


Lt. Col Darius Ikurakure uri hagati
Lt. Col Darius Ikurakure uri hagati

Ku mugwa mukuru w’Uburundi Bujumbura, kuri uyu wa kabiri mw’ijoro harishwe umusirikare w’ipete rya majoro, umupolisi umwe nawe aranyuruzwa n’abantu bitwaje ibigwanisho bafise imyambaro ya gisirikare.

Majoro Didier Muhimpundu yahora ari icegera c’umuyobozi atwara igisata c’amagara y’abantu mu biro vy’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare.

Igipolisi kivuga ko catanguje amatohoza. Ibi vyabaye inyuma yaho kuri uyu wa kabiri ku muhingamo Liyetona Koloneli Darius Ikurakure arasiwe n’umuntu ataramenyekana mu bigo vy’ibiro bikuru vya gisirikare.

Majoro Muhimpundu yishwe nk’igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro. Inzego z’umutekano zemeza ko yitavye telefone acasohoka mu kirabo aho yariko yivunira akanyota n’abagenzi be hanyuma arasirwa kw’ibarabara.

Gushikubu abishe iyo ntwazangabo ntibaramenyekana nk’uko vyemezwa n’icegera c’umuvugizi w’igipolisi Moise Nkurunziza.

Nk’isaha imwe imbere y’uko Majoro Muhimpundu yicwa hari humvikanye amasasu mu buraruko bwa Bujumbura, karitiye ya Carama muri komine Ntahangwa.

Abantu baba mu micungararo bemeje ko hari umupolisi yaguye murayo masasu.

Igipolisi kirabeshuza kikavuga ko inyuma y’ayo masasu hari umupolisi w’igisongerezi yanyurujwe ariko atawokwemeza ko yiswhe mu gihe ata kiziga ciwe kiraboneka.

Uwo mupolisi bivugwa ko yarasanzwe acungerera ubuzima umushingamateka aba aho mu Carama. Ariko mu gipolisi bamenyesha ko ayo makuru atarayo kwizerwa.

Kiretse umupolisi yiciwe muri komine Mugamba intara ya Bururi mu ndwi iheze, nta bitero vyari bimaze imisi vyibonekeza ku bajejwe umutekano canke ibirindiro vyabo.

Mu kiringo c’amezi umunani, abasirikare bakuru bakuru batanu baramaze kwicirwa ku mugwa mukuru Bujumbura n’abantu bitwaje ibigwanisho.

Mw’itangazo yasohoye kuruyu wa kabiri inyuma y’urupfu rwa Koloneli Ikurakure yiciwe mu bigo vy’ibiro bikuru vya gisirikare, umukuru w’ingabo Général Prime Niyongabo yasavye abasirikare kuguma bafatanye mu nda n’ukwirinda abashaka kubacanishamwo mu ntumbero y’ugusambura igisirikare c’Uburundi.

XS
SM
MD
LG