Uko wahagera

FIFA: Franz Beckenbauer Arakurikiranwa


Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryatanguje amatohoza kubantu batandatu rikeka ko boba barariye ibiturire mw’ihiganirwa ry’isoko ryahaye Ubudagi igikombe c’isi yose mu mwaka w’2006.

Mur’abo bantu harimwo uwahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu budagi Wolfgang Niersbach hamwe n’uwahoze ari icegera ciwe Franz Beckenbauer.

Mw’itangazo ryasohowe n’umugwi wa FIFA ujejwe inyifato rivuga ko Niersbach n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu bugadi bariko bagirwako amatohozwa yuko batashize ahabona iryo renga ku mategeko ya FIFA.

Abategetsi b’ Ubusuwise ari naho hari icicaro ca FIFA bamenyesheje ko buguruye iyindi dosiye ivugwamwo ubwicanyi mu mpari zabaye kw’ihabwa ry’igihugu c’Uburusiya gutunganya igikombe c’isi yose mu mwaka w’2018 hamwe n’igihugu ca Qatar mu mwaka w’2022.

XS
SM
MD
LG