Uko wahagera

Kote Divuware: Abakekwa Kugaba Ibitero Bafashwe


Grand-Bassam, Kote Divuware
Grand-Bassam, Kote Divuware

Abategetsi ba Kote divuware bamenyesha ko bahagaritse abantu 15 bakekwa kugira uruhara mu bitero vy’iterabwoba vyabereye ku nkengera y’ikiyaga I Abidjan mu ntango z’uku kwezi kwa gatatu.

Abo bategetsi bamenyesha kandi ko umuntu yitwa Kounta Dallah, ariwe yagize uruhara runini mu gutegura ikindi gitero cabereye ku hoteli Grand Bassam cahitanye abashika 19. Abategetsi basaba abanyagihugu gufasha mu ruhigi rw’uwo muntu.

Umushikirizamanza wa repubulika ya Kote diwuware amenyesha ko imitahe mpuzamakungu yamaze kurungikwa kugira afatwe.

Ku musi wa mbere, itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika Associated Press, ryatangaje ko mur’abo bantu bafashwe harimwo batatu bamuka muri Mali hamwe n’uwundi umwe wo mur’ico gihugu nyene ca Kote divuware.

Umuhari w’iterabwoba wa al-Qaida wo muri Maghreb niwo wemanze ko wagavye ivyo bitero.

XS
SM
MD
LG