Uko wahagera

Cuba: Ubutumwa bw'Amahoro bwa Prezida Obama


Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo abanya Cuba ku murwa mukuru, Havana, kw'italiki 22 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016.
Prezida wa Amerika, Barack Obama ariko ashikiriza ijambo abanya Cuba ku murwa mukuru, Havana, kw'italiki 22 z'ukwezi kwa gatatu, umwaka w'i 2016.

Mu kamo yateye abanya Cuba, i Havana, Prezida wa Reta Zunze za Amerika, Barack Obama, yavuze, uno musi ku wa kabiri, kw’igihe kigeze ko Amerika na Cuba birengera ibibitandukanya, bigatangura inzira nshasha ya kazoza kazogirira akamaro ibihugu vyompi.

Prezida Obama avuga yaje muri Cuba kuzika ibisigarira vya nyuma vy’imishamirano hagati y’ibihugu vyo mu burengero bw’isi n’ubumwe bw’aba Soviet yibonekeje mu karere ka Amerika.

Avuga ko yazaniye abanya Cuba, indamutso ya kivandimwe, kw’igihe kigeze Amerika na Cuba vyibagira kahise. Amenyesha ko bitazokworoha, ko bizofata igihe.

Prezida Obama mw’ijambo ryiwe yarerekanye umwizero ku vyerekeye imigenderanire hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Cuba n’abanyagihugu bavyo.

Avuga ko afise umwizero ku vyerekeye kazoza ka Cuba kubera yemera abanya Cuba.

Prezida Obama yasavye kandi irangira ry’ibihano mu vyerekeye ubutunzi vyafatiwe Cuba haraheze imyaka itari mike. Avuga kw’ivyo bihano ari umuzigo wataye igihe ku banya Cuba. Amenyesha kw’igihe c’uko bivanwaho kigeze.

Yamara prezida Obama yaranebaguye Reta ya Cuba mu kuvuga ko naho ibihano vyavanwaho, abanya Cuba batoshika kuvyo bifuza inzego za demokrasi nyakuri zidashizweho.

Avuga kw’abanyagihugu botegerezwa gushobora kunebagura Reta yabo, bagahitamwo ababayobora.

XS
SM
MD
LG