Uko wahagera

Ibitero bya za Bombe Byahitanye Abantu Benshi mu Bubiligi


Igipolisi c’Ububiligi casohoye isanamu y’umuntu aronderwa mu bitero vy’amabombe vyabaye ku musi wa kabiri ku kibuga c’indege c’i Bruxelles no mukibanza ca metro, vyahitanye abantu mirongo itatu, abandi barenga amajana abiri barakomereka.

Iyo sanamu ya video yafashwe yerekana umuntu yambaye inkofero yirabujra, na jakete yhera n’amarori ariko asunika charrette itwara amavalisi ari kumwe n’abandi babago babiri banokwako ari abihevyi bagize ibitero vy’amabombe.

Abategetsi bavuga ko uwo muntu aronderwa yahunze ikibuga c’indege.

Igipolisi gitangaza ko catoye bombe, ibikorwamwo amabombe, n’idarapo y’umurwi witwa, Reta ya ki Islamu mu gikorwa c’ugusaka inzu mu gice c’igisagara ca Bruxelles mu gihe bariko barondera uwo muntu yikekwa.

Bombe igira gatatu itaturitse n’inkoho ya Kalashnikov navyo nyene vyaratowe ku kibuga c’indege.

Umurwi w’intagondwa iwitwa, Reta ya ki Islamu, wariyitiriye ibitero vyihaye inkumbi vyo ku musi wa kabiri ku murwa mukuru w’Ububiligi, Bruxelles.

Umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya ki Islamu uvuga ko abarwanyi bawo batanguye kurasa bari mu nyubakwa z’ikibuga c’indege, imbere yuko baturitsa amabombe, mu gihe uwugira gatatu yateye station ya metro Maalbeek.

Umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi, Charles Michel avuga kw’ivyo bitero bibabaje cane, agasaba abanyagihugu kuguma batekanye n’ugufatana mu nda.

Prezida wa Reta Reta Zunze Ubumwe, Barack Obama yishuye ku bitero vy’i Bruxelles mw’ijambo yashikirije Havana ku murwa mukuru wa Cuba, aho ari mu rugendo mu kuvuga ko bazokora ibikenewe vyose mu gufasha igihugu kivandimwe c’Ububiligi mu gikorwa c’ugushira imbere y’intahe abagize ibitero vy’i Bruxelles. Prezida Obama yavuze ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifatanije n’Ububiligi mu mubabaro ku bitero bigayitse vyagize ku bantu ataco bazira.

Amasanamu ya video yerekanye abantu bariko bahunga ikibuga c’indege ca Zaventem, igihe amabombe yaturika hafi ya sambiri yo mu gitondo, yasambuye amadirisha, n’ibiyo vy’inyubakwa zo ku kibuga c’indege.

Umwotsi waboneka hejuru y’inyubakwa z’ikibuga c’indege.

Ibinyamakuru, amaradiyo na televiziyo bimenyesha kw’abagize ivyo bitero basemerera amajambo mu rurimi rw’icarabu imbere yuko baturitsa amabombe.

Abategetsi b’Ububiligi badugije hejuru cane urugero rw’iterabwoba mu gihugu.

Indege zose ziza n’iziva ku kubuga c’indege ca Zaventem zahagaritswe, amayira yose y’amatereni agendera musi y’ubutaka yugawe

XS
SM
MD
LG