Uko wahagera

Benin: Umugwizatunga Yatowe Kuba Perezida


Umushikiranganji wa mbere wa Benin, Lionel Zinsou
Umushikiranganji wa mbere wa Benin, Lionel Zinsou

Mu gihugu ca Benin, umugwizatunga Patrice Talon yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu n’amajwi menshi cane.

Komisiyo ijejwe amatora muri Benin, ntiratangaza amajwi ya nyuma, yamara umushikiranganji wa mbere, Lionel Zinsou yatangaje ko ivyavuye mu matora vy’agateganyo vyerekana ko Talon ari imbere yiwe cane.

Zinsou yatangaje ko yahamagaye Talon ku muhingamo w’ejo ku musi w’Imana kugira amukeze, yongere amufashe mu gikorwa c’ugushikiriza ubutegetsi.

Niyo ivyavuye mu matora vyemezwa, Talon azosubirira Perezida Thomas Boni Yayi, azova arangije amabanga y’ukuyobora Benin inyuma y’ibiringo bibiri.

Ivyo bikomeje igihagararo ca Benin nk’akarorero ka demokarasi muri Afurika, aho abategetsi batari bake bagerageje gusubiramwo ibwirizwa shingiro ry’ibihugu vyabo kugira bagume ku butegetsi.

Patrice Talon, muri iki gihe afise imyaka mirongo itanu n’indwi, n’umurwizatunga akomeye yakuye amafranga menshi mu kugirisha hanze ipampa, ikidandazwa gikomeye igihugu ca Beni cimbura.

Lionel Zinsou yari ashigikiwe na Perezida Boni Yayi n’umugambwe uri ku butegetsi, yamara yaranebaguwe n’abatari bake kubera imigenderanire ikomeye afitaniye n’Ubufransa, igihugu yavukiyemwo, kandi yamazemwo igice c’ubuzima bwiwe.

XS
SM
MD
LG