Uko wahagera

Cuba: Perezida Obama na Castro Babonanye


Perezida Barack Obama na Raul Castro
Perezida Barack Obama na Raul Castro

Perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika Barack Obama amaze kubonana na mugenzi we wa Cuba Raul Castro.

Ibiganiro byabo byabereye ku ngoro ya perezida iri mu murwa mukuru wa Cuba La Havane. Byibanze ku buryo abayobozi bombi bavugurura umubano w'ibihugu byabo, umaze imyaka irenga 50 warahagaze.

Prezida Obama na prezida Castro baganiye kandi ku bibazo abo bategetsi babiri batumvikanako, nk’uburenganzira bw’agateka ka muntu.

Prezida Obama yatanguye umusi ugira kabiri w’urugendo rwiwe rw’imisi itatu muri Cuba mu gushira amashurwe ku cibutso c’intwari y’ukwikukira kwa Cuba, Jose Marti mu kibanza citiriwe Revorisiyo.

Prezida Obama yamenyesheje kw’ari icubahiro kuriwe gutera iteka Jose Marti, yatanze ubuzima bwiwe kugira igihugu ciwe kironke intahe y’ukwikukira.

Mu nyuma yaho prezida Obama yabonanye na prezida Raul Castro, umusi umwe inyuma yuko abaye umuprezida wa mbere ari mu mabanga yiwe wa Amerika agendeye Cuba mu kiringo kiri hafi y’imyaka mirongo icenda.

Ku musi w’Imana, ku murwa mukuru, Havana, abantu baratonze imirongo ku mabarabara igihe imodoka zari ziherekeje prezida Obama zarengana, berekana

XS
SM
MD
LG