Uko wahagera

Urubuga Twitter Ruhimbaza Imyaka Cumi


Urubuga ngurukanabumenyi rwitwa Twitter rumaze imyaka cumi rukora.

Muri ico kiringo kigereranye, urwo rubuga rwarakoreshejwe cane n’abantu batari bke mu guhanahana amakuru, baba abaharanira uburenganzira mu vya politike, abamenyeshamakuru, abantu bazwi cane canke imikangara ishira amasanamu y’ibifungurwa bakunda kuri urwo rubuga.

Amwe mu makuru akom eye cane mu kiringo c’imyaka cumi irangiye yasohotse ubwa mbere ku rubuga rwa Twitter.

Mu kwezi kwa mbere mu mwaka w’2009, igihe indege itwara abantu yo muri Amerika US Air yururuka vyihutirwa mu ruzi Hudson, umwe mu bari aho yururukiye yashize isanamu y’iyo ndege kuri Twitter.

Mu mwaka w’2011, umunyapakistani yarungitse ubutumwa kuri Twitter ku gitero c'Amerika cahitanye Osama Bin Laden.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Barack Obama, inyuma yuko asubiye gutorwa kuyobora igihugu mu mwaka w’2012 yashize ubutumwa kuri Twitter ko agiye kuba prezida mu kindi kiringo c’imyaka ine, n’isanamu yiwe ariko ahobera umupfasoni wiwe, Michelle. Papa Fransisiko ari ku rubuga rwa Twitter. Yagiye kuri urwo rubuga mu mwaka w’2012.

Yamara mu gihe urubuga rwa Twitter rufise abantu barenga imiliyoni amajana atatu na mirongo ibiri barukoresha , kwibuka imyaka cumi irangiye urwo rubuga rutanguye gukora bibaye mu gihe bbari ibibazo kuri kazoza karwo.

Akarorero, naho urwo ru buga rukoreshwa cane n’abantu bazwi cane, abanyepolitike n’amashirahamwe, urwo rubuga ntiratora uburyo bw’ukuronka amafranga.

Urwo rubuga kandi rwarenabaguwe ko rwikwega mu kwishura ku majambo akokeza urwanko.

XS
SM
MD
LG