Uko wahagera

Somaliya: Kenya Yishe Aba Al-Shabab 34


FILE - People react as they look at bodies of killed al-Shabab fighters in Mpekatoni, Kenya, June 15, 2015.

FILE - People react as they look at bodies of killed al-Shabab fighters in Mpekatoni, Kenya, June 15, 2015.

Igisirikare ca Kenya kimenyesha ko cishe abarwanyi 34 ba al-Shabab mu bitero bibiri cakoze mu bumanuko bwa Somaliya.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kenya, David Obonyo yatangaje ejo kuwa mungu abasirikare ba Kenya bo mu nteko za AMISOM muri Somaliya batanguye bica abarwanyi 13 gifata n’umukomanda wabo inyuma yaho abo barwanyi batereye inteko za kenya ahitwa Sarira, mu buraruko bwa Ras Kamboni mu ntara ya Juba .

Abandi 21 bishwe ku musi wa gatandatu inyuma yaho batageye imiduga ya gisirikare ca Kenya yariko yerekeza mu gisagara ca Afmadow kiri mur’iyo ntara nyene ya Jubba.

David Obonyo amenyesha kandi ko abasirikare babiri ba Kenya bahasize ubuzima abandi batanu barakomereka.

Al-Shabab ukunda gutera abasirikare b’ubumwe bwa Afrika ba AMISOM bari mu bumanuko bwa Somaliya.

Kenya kiri mu bihugu bitanu vyarungitse abasirikare bayo muri Somaliya guhangana n’umugwi wa al-Shabab.

XS
SM
MD
LG