Uko wahagera

USA: Obama Yashitse muri Cuba


Perezida w'Amerika Barack Obama muri Cuba
Perezida w'Amerika Barack Obama muri Cuba

Perezida Barack Obama wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ari mu gihugu ca Cuba, mu rugendo yatanguye ejo ku musi wa mungu.

Mur’urwo rugendo, Perezida Obama yajanye n’umutambukanyi wiwe Michelle Obama, abakobwa biwe babiri Sasha na Malia hamwe na inabukwe wiwe Marian Robinson.

Obama yajanye kandi na bamwe mu bashingamateka ba Amerika bo mu migambwe yompi uko ari ibiri yo muri Amerika, abarongoye amakompanyi y’amahinguriro hamwe na bamwe mu banyamerika bamuka mur’ico gihugu ca Cuba.
Umuvugizi wo mu biro vya Perezida Obama Josh Earnest yamenyesheje ko Obama azobonana n’umukuru w’igihugu ca Cuba Raul Castro, bavugane ibijanye no gukingira agateka kazina muntu mur’ico gihugu.

Barack Obama abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Amerika agendeye Cuba haraheze imyaka 90.

XS
SM
MD
LG