Uko wahagera

Turukiya: Igitero Cahitanye Abanyamerika 2


Turkey Explosion
Turkey Explosion

Abanyagihugu babiri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika nibo basize ubuzima mu gitero c’umwiyahuzi cahitanye abantu batanu k’umugwa mukuru wa Turukiya Istanbul ejo ku musi wa gatandatu.

Ibiro vya Perezida Barack Obama wa Amerika nivyo vyatangaje iyi nkuru.
Abandi basize ubuzima mur’ico gitero n’abanyagihugu babiri bamuka muri Isirayeli n’uwundi umwe yamuka muri Irani.

Abashika 36 barakomeretse.

Umushikiranganji wa mbere wa Turukiya Ahmet Davutoglu aratera ivyatsi ico gitero akavuga ko ari ubunyamaswa. Kibaye igitero c’abihevyi kigiria kane kibaye muri Turukiya kuva mu ntango z’uyu mwaka.

Umuvugizi w’ibiro vya Perezida Obama Ned Price yamenyesheje ko Amerika yiyamirije ico gitero yivuye inyuma kandi avuga ko Amerika igiye gukorana ra Turukiya mu guhangana n’abakora iterabwoba.

Nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero.

XS
SM
MD
LG