Uko wahagera

Burundi: Urugendo Rwa Vice Perezida Wa Mbere Muri Somalia


Gaston Sindimwo, Vice Perezida wa mbere w'Uburundi

Gaston Sindimwo, Vice Perezida wa mbere w'Uburundi

Vice Perezida wa mbere w’Uburundi Gaston Sindimwo yaragize Urugendo rw’imisi ibiri mu gihugu ca Somalia, aho yabonanye n’abategetsi b’ico gihugu hamwe n’abasirikare b’Uburundi bacungera umutekano mur’ico gihugu.

Sindimwo avuga kw’intumbero y’urwo rugendo kwar’ubwa mbere na mbere gutsimbataza imigendernire hagati y’ivyo bihugu hamwe no kuremesha inteko z’Uburundi zicungera umutekano muri Somalia.

Sindimwo yarabeshuje amakuru avuga kw’abasirikare b’Uburundi bashobora kuvanwa mu gikorwa co gucungera umutekano.

Mushobora gutega amatwi ikiganiro yahaye Iradiyo Ijwi rya Amerika.

XS
SM
MD
LG