Uko wahagera

Perezida Obama Azagenderera Cuba


Umupfasoni w’Umunyacuba w’imyaka 76, Ilena Yarza ashobora kuroronka icifuzo ciwe c’ugusangira ikawa na prezida wa Reta zunze ubumwe z' Amerika, Barack Obama igihe azogendera Cuba mu ndwi iza.

Mw’ikete yandikiye prezida Obama mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka, Ilean Yarza yamutumiye kuza i muhira iwe mi gice c’umurwa mukuru wa Cuba, Havana citwa Vedado kugira basangire ikawa yo muri Cuba.

Amenyesha kw’ata banya Cuba benshi barindiranye igishika cinshi cane nkawe c’ukubonana na Perezida Obama ubwiwe.Yanditse kandi ko yokwifuza ko umushingantahe Obama yomugendera n’umupfasoni wiwe.

Mu kwishura Perezida Obama yaramushimiye ku majambo meza yamwandikiye, ko yizeyeko ikete ryiwe rizomushikira mu buzoba bubaye ubwa mebere amateke hagati y'Amerika na Cuba ashikira izo mpande zose atabanje guca ahandi mu kiringo kirenga imyaka mirongo itanu.

Perezida Obama avuga ko ari icibutso kw’ikiringo gishasha c’imigenderanire hagati ya Amerika na Cuba. Avuga ko arindiranye igishika kugendera Cuba, ko yizeyeko azoronka akanya k’ugusangira ikawa yo muri Cuba na Ileana Yarza.

XS
SM
MD
LG