Uko wahagera

Yemen:Ubwicanyi Bukabije ku Basivile


Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryiyamirije ibitero vy’indege z’ingwano biherutse kugirwa n’urunani ruyobowe n’igihugu ca Arabiya Saudite muri Yemen. Ibitero vyahitanye abasivile barenga ijana muri iyi ndwi yonyene.

Zeid Raad al-Hussein umutegetsi mukuru ajejwe agateka ka muntu mw’ishirahamwe O-N-U, yatangaje ouno musi ku wa gatanu kw’ibiterovy’indege z’iingwano vyabaye incuro zibiri ku musi wa kabiri kw’isoko ryari rikoraniyemwo abantu benshi mu buraruko bushira uburengero bwa Yemen biri mu bitero vyhaye inkumbi bikomeye cane kuva Arabiya Saudite n’ikbihugu vy’Abarabu bikorana mu kigoce c’Abarabu bitanguye ibitero ku barwanya ubutegetsi b’aba Houti muri Yemen mu mwaka uheze.

XS
SM
MD
LG