Uko wahagera

Umunyamerika Yikuye kuri Reta ya ki Islamu


Umunyamerika yatangaje ko yavuye mu murwi w’intagondwa witwa, Reta ya ki Islamu, Mohamad Jamal Khweis yemeye ko atiyumvira neza igihe yafata ingingo y’ukuja muri uwo murwi mu karere ko mu buseruko bwo hagati y’isi, muri uyu mwaka.

Avugako yafashe ingingo idatumbereye igihe yaja mu karere ka Mosul.

Mohamad Jamal Khweis, muri iki gihe afise imyaka mirongo ibiri n’itandatu, yishikirije abarwanyi b’Abakurde hafi y’igisagara ca Sinjar kiri mu buraruko bw’igihugu ca Iraki muri iyi ndwi, akaba ari mu minwe yabo kuva ku musi wa mbere.

Khweis, yavukiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akurira hanze y’igisagaea ca Washington, yahawe ikiganiro na Televiziyo y’Avbakurde, Kurdistan 24, mu gisagara ca Irbil, igisagara c’Abakurde mu buraruko bwa Iraki.

Khweis yavuze mu rurimi rw’icongereza muri ico kiganiro.

Ico kiganiro ntikivuga ku ngwano canke ubundi bwicanyi naho kivuga ku biranga kahise kiwe aho yagiye kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri igihe yafata ingingo y’ukuja mu murwi witwa, Reta ya ki Islamu.

Khweis avuga ko yize amategeko mpavanyaha muri kaminuza, naho atavuze ahariho.

Abavyeyi biwe b’Abanyapalestina baba mu gisagara ca Alexandria, muri Reta ya Virginiya. Avuga ko yagiye gusenga mu misigiti, ko yamara atagiyeyo kenshi.

Ikiganiro yatanze nticerekana impamvu yatumye afata ingingo y’ukwinjira mu murwi, witwa Reta ya ki Islamu.

XS
SM
MD
LG