Uko wahagera

USA: Perezidansi ya Trump Yaba Ikibazo ku Batuye Isi


Umuherwe Donal Trump ni umukandida mw'ishyaka ry'Abarepubulika muri Amerika.
Umuherwe Donal Trump ni umukandida mw'ishyaka ry'Abarepubulika muri Amerika.

Hari ubushakashatsi bwemeza ko Donald Trump abaye perezida w'Amerika biza ubwa gatandatu mu bintu bishobora kugeramira bikomeye amakungu.

Ivyo biza ku rugero rumwe n’ukugene iterabwoba rigeramira ubutunzi kw’isi nkuko bitangazwa n’ikigo kijejwe ubushakashatsi c’Ubwongereza, kitwa EIU.

Ku rutonde ruherutse gushikirizwa ry’ibintu bishobora kugeramira amakungu, haza ubwa mbere ukugabanuka gukomeye kw’ubutunzi bw’igihugu c’Ubushinwa. Bikwirikirwa n’ingingo z’igihugu c’Uburusiya muri Siriya na Ukraine zishobora gusubira kugarukana imishamirano mishasha n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Mu nyuma haza ikibazo c’amadeni c’amasosiyete akomakomeye mu bihugu biriko bitera imbere mu vy’ubutunzi n’uko umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi ushobora kwicamwo ibice.

Ikigo c’ubushakashatsi cyo mu Bwongereza kimenyesha ko kititeze ko Trump atsinda amatora y’umukuru w’igihugu yo mu kwezi kw’icumi na rimwe muri Amerika. Yamara kivuga ko bishobora gushika. Hamwe yotorwa, ivyo bishobora kugira ingaruka zikomeye cane mu makungu.

Ico kigo kimenyesha ukugene Trump arwanya uruja n’uruza ata ntambamyi mu vyerekeye ubutunzi, ukugene ashigikiye kwica imiryango y’abagira iterabwoba, ukuntu ashigikiye inteko zirwanira ku butaka muri Siriya, n’ukwikurako Ubushinwa na Mexique mu bishobora kuvamwo impari zikomeye mu vyerekeye ubudandaji n’ugutuma iyindi mirwi y’iterabwoba yaduka.

XS
SM
MD
LG