Uko wahagera

Uburusiya: John Kerry Aragendera Uburusiya Mu Ndwi Iza


Kerry - Russia
Kerry - Russia

Sekreteri wa Reta wa reta Zunze Ubumwe z’Amerika John Kerry amenyesha ko mu ndwi iza azoja mu Burusiya.

Sekreteri wa Reta wa reta Zunze Ubumwe z’Amerika John Kerry amenyesha ko mu ndwi iza azoja mu Burusiya.

Azoba agiye kuganira na Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin kubijanye n’ivanwa ry’abasirikare b’Uburusiya muri Siriya hamwe n’ibijanye n’amahoro mur’ico gihugu ca Siriya.

Abasirikare ba mbere b’Uburusiya baratanguye kuva muri Siriya ejo kuwa kabiri.

Abanyagihugu isinzi b’Uburusiya bari buzuye umunezero igihe indege zitatu za mbere z’Uburusiya zashika mur’ico gihugu.

Umushikiranganji w’Ubwongereza w’imigenderanire n’amakungu Philip Hammond yabwiye inama abashingamateka ko batosamazwa canke ngo banezerezwe n’iryo kurwa ry’abasirikare b’Uburusiya muri Siriya.

Hagat’aho, ibiganiro vy’amahoro hagati y’abashamiranye muri Siriya vyarabandanije ku musi wavyo ugira kabiri ejo kuwa kabiri I Jeneve mu Bu Suwisi.

XS
SM
MD
LG