Uko wahagera

Igisasu Cahitanye Umuntu Umwe Berlin mu Budagi


Umuntu umwe yasize ubuzima mu kibombe cari catezwe mu mudoka ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubudagi uyu musi ku wa kabiri.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi mu gisagara ca Berlin, Carsten Mueller, yavuze kw’abajejwe gutohoza ico gitero, bibaza kw’ico kibombe cari catezwe mu mudoka yaturitse, arinaco cishe umudereva w’iyo modoka. Yasobanuye kw’abariko baratoza ico gitero, bariko baragerageza gutahura neza, uyo muntu uwariwe.

Nta wundi muntu ico kibombe cahitanye, naho caturikiye mu kibanza kirimwo uruja n’uruza rwinshi rw’imodoka.

Abapolisi bo mu gisagara ca Berlin bari bazibiye amabarabara yose agana mur’ico kibanza, bongera bahanura abantu ngo bagume mu mazu yabo, kandi bagume bugaye amadirisha, gushika bahawe ayandi makuru.

XS
SM
MD
LG