Uko wahagera

Juba: Reta Irimo Gufunga za Ambasade Nyinshi


Sudani yo mu bumanuko iriko iragabanya igitirigi c’abakozi bayo mu biro biserukira ico gihugu mu mahanga, kubera ubukene kirimwo bwatewe n’ingwano imaze imyaka ibiri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire Barnaba Marial Benjamin, yarahakanye amakuru avuga ko Sudani yo mu bumanuko igiye kwugara ibiro 10 vya ambassade. Yamara yaremeye ko reta yiwe yabaye irahagarika kuriha inyubakwa, abakozi bayiserukira mu bihugu bimwe bimwe, bakoreramwo.

Umushingantahe Marial yavuze kw’iyo ngingo yo kugabanya abakozi mu biro vya ambassade yerekeye izisanzwe zifise abakozi benshi.

Amakuru yatangajwe n’umukozi wo mu bushikiranganji bw’igihugu ca Sudani adafise uburenganzira bwo gutanga amakuru, avuga kw’ibiro vya ambassade vy’i Kayiro mu Misiri, vyahawe amategeko yo kuva mu nyubakwa vyari bikotesheje. Impamvu yatanzwe n'uko bitariha iyo nyubakwa kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze.

XS
SM
MD
LG