Uko wahagera

Burundi: Abatuye Bujumbura Baridogera REGIDESO


Imvura igize igwa ari nyinshi mu Burundi yaratumye ibiti canke ivyuma bicako intsinga z’amatara bihenuka ahatari hake kubera igihuhusi. Bimwe biramara n’igihe bitarasanurwa, bigatuma haba imyidogo ku banywanyi b’ishirahamwe REGIDESO ritanga amatara n’amazi.

Abari bidoze n’abo muri zone ya Kanyosha muri komine Muha aho mu misi iheze ibiti vy’amatara vyari vyahenutse vyamaze indwi irenga bitarasanurwa kandi vyari vyazibiye amabarabara.

Naho Ishirahamwe REGIDESO rivuga ko inyubakwa zaryo zihanzwe n’imvura ivanza n’igihuhusi, abanywanyi batari bake bararyidogera ko ribaronsa amazi mabi . Aha twovuga nk’ababa mu carama ya kabiri muri komine Ntahangwa.

Ikindi kibazo ku banyagisagara ca Bujumbura ; n’umwijima wibonekeza ku mabarabara makuru makuru mu gihe c’ijoro. Aha twovuga nk’ibarabara riva aho bita kuri chanic rigana ku ngoro y’inamanshingamateka. Gerobroame NZIKOBANYANKA asigura ko hari ibikoresho vyibwe.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste NZIKOBANYANKA yakurikiranye ico kignairo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:00 0:00

XS
SM
MD
LG