Uko wahagera

OMS: Ingwara Zirica Abantu Benshi kw'Isi


Itohozwa riherutse gukorwa n’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe amagara y’abantu, ryerekana kw’icakane c’impfu kw’isi hose, n’ukuvuga abantu imiliyoni 12.6, bapfa ku mwaka, baba ar’abantu bicwa n’ingwara zijanye no kuba mu bibanza bitotohereza ubuzima bw’abantu.

Ivyo biro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bivuga ko nyinshi mur’izo mpfu zishobora guhagarikwa mu gihe hofatwa ingingo nyazo zo kunagura ukuntu abanyagihugu babayeho.

Iyo raporo ivuga ko mu bintu bishobora kugira ingaruka ku magara y’abantu, harimwo umwuka, amazi, isi irimwo imyuka mibi, ihindagurika ry’ibihe. Raporo yongeraho kandi ko ivyo bintu biri mu bitera impfu zirenbga 100, bikanatuma abantu bakomereka.

Iyo raporo ivuga kandi kw’intara mu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia hamwe n’intara yo mu burengero bw'inyanja ya Pacifique, arizo zirangwamwo impfu nyishi zivuye ku bidukikije.

Mu myaka 10 irangiye, zimwe mu ngwara zihaye inganda, zar’ ingwara zandukira, nk’ucibwamwo na malaria, ingwara ziterwa n’amazi mabi, isuku rike hamwe n’imyanda itabwa, ahariho hose.

Iyo raporo isanga kandi ingwara zitandukira ziva mu bibanza abantu babamwo, mur’iki gihe, arizo zitera impfu nyinshi kw’isi hose.

Iyo raporo ivuga kw’ ingwara y’umutima, kanseri hamwe n’ingwara zo guhema nabi, zitera impfu zirenga ibice bibiri vya gatatu vy’impfu zose ziva ku bidukikije

XS
SM
MD
LG