Uko wahagera

Kote Divuware: Abakora Iterabwoba Nta Ntambwe Bazotera


Iv
Iv

Perezida wa Kote divuware Alassane Ouattara yarashikirije ijambo abanyagihugu biwe ejo kuwa mbere.

Yamenyesheje ko igitigiri gishasha c’abasize ubuzima mugitero cagabwe n’umugwi w’iterabwoba cabereye ahitwa Grand-Bassam ku musi wa mungu ari abantu 18. Abasivile ni 15 hamwe n’abasirikare batatu. Abarwanyi batatu nibo bishwe.

Ouattara yatangaje ko Kote divuware kitazoterwa ubwoba n’abakora iterabwoba kandi ko azokora uko ashoboye kugira akingire abanyagihugu biwe. Amenyesha kandi ko abo bakora iterabwoba batazigera bashika kumugambi wo gusinzikaza Kote d’Ivoire kuburyo kiba igihugu ciziziwe n’iterabwoba.

Reta ya Kote Divuware yatangaje ko umutekano ugiye gucungerwa bikomeye ku ma hoteli no kumashure. Amazina y’abahasize ubuzima ntaratangazwa ariko Ubufaransa bumaze kumenyesha ko bwahaburiye abanyagihugu babwo bane.

XS
SM
MD
LG