Uko wahagera

Kote Divuwari: Abantu 18 Biciwe Grand Bassam


Grand-Bassam
Grand-Bassam

Igitigiri c’abapfuye mu gitero cagizwe ku musi w’Imana n’abarwanyi b’ishami ryumurwi al-Qaida rikorera mu karere ka Magreb mu kibanza kigenderwa n’ingenzi mu gihugu ca Kote Divuwari kigeze ku bantu mirongo ibiri n'umwe.

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati, Hamed Bakayoko yatangaje uno musi ku wa mbere kw’abasivile cumin a batanu n’abasirikare batatu bishwe muri iyo gitero, cagizwe ku mahoteri atatu mu gisagara ca Grand-Bassam.

Bakayoko amenyesha ko abarwanyi batatu bishwe. Amakuru yatangajwe imbere yaho avuga kw’abarwanyi bishwe ari umunani.

Ivyo umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati yabitangaje inyuma yuko abategetsi ba Reta bagirishije inama yihutirwa y’ukuganira ku gitero co ku musi w’Imana.

Ishami ry’umurwi al-Qaida rikorera mu buraruko bwa Afrika, ryiyitiriye ico gitero.

Ico kibaye igitero kigira gatatu mu mezi ane intagondwa z’aba Islamu zigize ku mahoteri mu karere ko muri Afrika yo mu burengero, inyuma y’ibitero vyihaye inkumbi vyagizwe ku mirwa mikuru y’ibihugu vya Mali na Burkina Faso.

Umurwi al-Qaida uvuga ko wagize uruhara muri ivyo bitero uko ari bitatu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziyamirije ico gitero kigayitse, zikaba zahayagije inteko z’igihugu ca Cote d’Ivoire n’inteko z’Ubufransa kuba zatumye abandi bantu batahasiga ubuzima.

XS
SM
MD
LG